BurundiCongoCooperationhomepagekirundiPolitiquesecuritysociete

Ngo bagiye gukorana mu kurwanya imirwi ihungabanya umutekano mu karere

Ugukomeza umutekano ku mbibe hamwe no kworohereza abakora urudandazwa hagati y’igihugu c’Uburundi hamwe na Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo ni bimwe mu vyaganiriweko n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Albert Shingiro hamwe na mugenziwe w’ico gihugu Marie Tumba Nzeza, asanzwe ari mu rugendo mu Burundi kuva kuri uyu w’Imana.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 5 Gitugutu 2020, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu Albert Shingiro yamenyesheje ko ivyo bihugu bigiye gukomeza amahoro mu kugwaniriza hamwe imirwi ihungabanya umutekano mu karere kugira abanyagihugu babeho mu mutekano ntangere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769