Burundihomepagekirundisociete

Ngo mu bijanye na kahise k’Uburundi, harimwo agahaze

Kuba atabitabo vyanditswe n’abarundi canke n’abanyamahanga ku bijanye n’ibinogo rusangi vyatawemwo abishwe muri kahise, ni kimwe mu vyerekana ko ibijanye na kahise k’Uburundi harimwo agahaze.

Bishikirizwa na Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi. Pierre Claver Ndayicariye mu kuvuga ivyo, akoresha imvugo ngereranyo avuga ati : “ukutavuga ukuri ku vyabaye muri kahise ni nko kubika ikara mu gashambara.”

Yamara nubwo biri uko bamwe mu babuze ababo muri kahise barashima ibikorwa uwo mugwi w’igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi uriko urakora ngo n’ubwo usanga ngo biriko birabibutsa kahise kabi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765