activity-at-messagedutwengeEntertainmenthomepagekirundi

Ngo n’aho bariko babikora neza muri comedy, barataye ururimi kavukire

 

Mu gihe hariko haraduga cane impano nyinshi zitandukanye mugisata c’amareresi magufi yo gutwenza abenshi bazi nka “comedy” hari ababandanya kwigaragaza impano ziriko zibikora neza ndetse no mu gusohoka igihugu.

Inyuma yaho umwe mubakora umwuga wo gukina izo reresi ngufi zitwenza Michael Sengazi asanzwe azwi cane hano mu Burundi ndetse no mu gihugu kibanyi c’Urwanda atahukanye agashimwe gatangwa na RFI kazwi nka RFI PRIX TALENT DU RIRE 2019, harabonetse intambwe idasazwe mu gisata ca comedy aho Michael SENGAZI ubwiwe arikumwe na bagenziwe basanzwe basangiye umwuga bashikana ako gashimwe ku kirimba bakirwa na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu.
Naho bimez’uko bamwe ntibashima cane imwe mu ngeso iriko iraboneka muri ino misi, bamwe bati bimeze gute? :

Inyuma yaho imisore igera kuri ibiri iherekejwe n’umwigeme umwe yerekeje mu gihugu kibanyi c’Urwanda bakaja gukorana n’umwe mu mugwi uriko wifata neza muri kino agihe ariwo Nyaxo Comedy, ni Ismael GASORE ndetse na mugenziwe KOMANDA batariko bavugwa neza gusa ahubwo ico bagirizwa gishobora gutuma ibikorwa bakoreyeyo bifatwa nka zero.

Mugihe iyo misore iri gukinira mu Rwanda iserukira Uburundi ikaba ibwirizwa kuvuga ikirundi mu gihe bashaka kunezera abarundi, ariko abarundi bo babandanya kwidogera iyo misore igize umugwi w’Ihuriro Comedy kuko ngo iyo bagiye batigeze baserukira neza igihugu ahubwo bakoze nka bamwe bamara kabiri mumahanga ukumva ngo IKIRUNDI baribagiye.

Ivyo bikaba bivuzwe cane mugihe habonetse cane ibikorwa uwo mugwi wakoreye mugihugu c’Urwanda urikumwe na bagenzi babo bo muri ico gihugu nyene aribo Nyaxo Comedy humvikanyemwo cane ko abarundi bakoresheje kenshi ururimi rw’IKINYARWANDA mugihe bo kuruhande rwo hakurya batigeze bakoresha na gato ururimi w’IKIRUNDI.

Aho iyo ari inyifato yababaje benshi mu bakunzi b’ibikorwa vya Ihuriro Comedy aho ubona batahishije uko babona ibintu bakaba barashoboye no kubigaragaza cane muri kimwe twita komantere (commentaire).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769