BurundiCooperationDiplomacyhomepagekirundisociete

Ngo nta murundi azosubira guhabwa uruhusha rwo kuja muri Amerika

 

Ngo nta barundi bazosubira kuronswa uruhusha (visa) rwo kuja muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Ivyo ni ivyaraye bishikirijwe kuri uyu wa gatunu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2020, n’igisata ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe umutekano wo hagati mu gihugu.

Abatarabwa n’iyo ngingo ngo n’abakozi ba Reta baja mu bikorwa vy’igihugu n’abakozi b’amashirahamwe mpuzamakungu. Amerika ivuga ko iyo ngingo yafashwe kubera Uburundi bwanse kwakira abarundi birukanywe ku butaka bwayo bw’ico gihugu.

Ku ruhande rw’Uburundi gushika ubu ntaco barashikiriza cerekeranye n’ayo makuru ariko arakwiragizwa ku mbuga ntangazamakuru zitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768