East Africa Newshomepagekirundisociete

Ngo ntabwo yabuze irengero nk’uko bivurwa, yafatiriwe n’ayandi mabanga

Mu gihe hari hamaze imisi hanurwanurwa ko umukuru w’inama nshimgamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EALA (East Africa Legislative Assemblee) yoba yanyurujwe, umushingamateka Léontine Nzeyimana arabeshuza urwo rukurukuru aho amenyesha ko Matin Ngoga atanyurujwe ahubwo yafatiriwe n’ayandi mabanga.

Urwo rukurukuru rw’uko umukuru wa EALA Martin Ngoga yoba yanyurujwe rukaba rwatanguye gukwiragizwa ku mbuga ntangazamakuru kuva ku musi wa mbere uheze, aho yari mu muhango wo gusubirizwa vy’agateganyo mu mabanga yo kurongora inama nshingamateka y’uwo muryango.

Umushingamateka Léontine Nzeyimana yagenwe kugira amusubirire vy’agateganyo muri ayo mabanga yo kuyobora EALA mu kiringo c’imisi igera kuri itatu amenyesha ko Martin Ngoga atanyurujwe ahubwo ari mu karuhuko ni kahera azoheza akagaruka ku mirimo yiwe nk’uko bisanzwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756