BurundiEducationhomepagekirundisocieteyouth

Ngozi : Mu myaka 5, hatwaye inda z’ishushu abarenga amajana atanu.

Abanyeshure bashika 527 ni bo batwaye inda z’indaro mu ntara ya Ngozi, kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2020.

Ihangiro ry’intara ya Ngozi n’uko urwaruka rwokwigishwa ibijanye n’ubuzima ndoragitsina gutyo rukabaho rwirinda gutwara inda z’indaro, maze iyo ntara ikaba iyizira inda z’indaro ku mashure.

Ni muri iyo ntumbero kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2020 mu nyubakwa yo gusomeramwo ibitabu yo kuri komine Gashikanwa (Clac Gashikanwa), habereye ikiganiro c’abavyeyi n’urwaruka  gishingiye kw’irondoka rijanye n’amagara meza, aho barabira hamwe icokorwa kugira ntihabe hakivugwa inda zitipfuzwa ku mashure. Ivyo vyose rero bikaba vyabaye biciye mu mugambi «Menyumenyeshe » uriko urashirwa mu ngiro muri iyo komine n’ishiramwe UNFPA Burundi

Jean Pierre Ndikuryayo, umuyobozi w’indero muri iyo ntara avuga ko muri iyo komine ya Gashikanwa kuva mu 2015 gushika 2020 abanyeshure 45 ari bo bamaze gutwara imbanyi  zitipfuzwa, na yo mu ntara yose bakaba bashika 527.

Uwo muyobozi w’indero mu ntara akamenyesha ko imvo zituma abanyeshure batwara inda z’indaro, ari nyishi aho ashikiriza ko bituruka ku kubura ikiyago c’abavyeyi.

Abo banyeshure ngo bakura batazi amakuru ajanye n’ubuzima ndoragitsina, bahurumbira imico y’ikizungu bakibagira imico y’ikirundi, birukira amaronko, n’ibindi.

Afatiye ku bana b’abigeme batwara inda batipfuza, Jeanine Ihorihoze umuyobozi mukuru w’inyigisho shingiro n’inyuma y’ishure shingiro, yerekanye ko abana bisamarako bagatwara inda baciga bahura n’ingaruka z’uguheba amashure, kuvyara abana batagira ba se, kwihakanwa, kwubaka hataragera, kwica abo bibarutse, indyane mu muryango, gucika ibimaramare, kwomoka, n’ibindi.

Inkomoko : @Jimbere

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765