Entertainmenthomepagekirundi

Ng’ubu ubutumwa bukomeye Manager wa Bantu Bwoy yahaye abakunzi b’umuziki ndundi

kimana Edith Stein asazwe ari umutambukanyi w’umuririmvyi Big Fizzo ari nawe ahagarikiye ibikorwa vya Label ya Bantu Bwoy aratera akamo abakunzi b’umuziki ndundi ko ivyo bakora bidashemeye.

Aciye kurubuga rwiwe rwa Facebook akaba ahamagarira abantu bose basanzwe bakoresha urubuga rwa Facebook ko boreka kuza barashirako amasanama y’abaririmvyi baba bakoze kuko baba bayabiriye icuya baba bagomba umusaruro ukwiye nabo kurubuga rwa Youtube narwo akaba yagize ati:”Abagize Buja Flavor bose n’abayo twese dukwiye kwiyamiriza iyingeso y’abantu bashira indirimbo yose (Full Video) kur FB igisohoka ,bituma abakoze n ‘akayasho kakabira batabona inyungu haba mukudandaza ibikorwa vyabo canke mugutera imbere muma Channels YouTube zabo narirya abandi bageze kuntambwe yoguhembwa amahera menshi y’agaciro na Youtube .Ivyo bikazokunda twese dutahuye akamaro koguteza imbere ivyacu noguhindura ingendo kuko twese tubifisemwo uruhara. Nimba ushaka ko bagenzi bawe babona igikorwa gishasha c’umuririmvyi barungikire Link nabo bayirabire aho wayiboneye nawe. ivyo bikazodushits kwiterambere ,noguha izina, n’iteka rinini abaStars bacu mumakungu.”

Mwomenya kwivyo abishikirije mu gihe abataribake biharaje gutora igikorwa c’umuririmvyi abayakoze bakagikura kuri Youtube bakagishira kuma page yabo ya Facebook ivyo asa nuwiyamiriza kovyohagarara muri bwabumwe.Ikindimwomenya nuko uruburwa rwa Youtube mu Burundi rukizimvye gose kubarukoresha arinyo mvo ituma abeshi bahitamwo kuzitora bakazishira kuri Facebook kuko yoyo bisa n’ibizimbutse gato kandi arinago rubuga rw’irukirwa n’Abarundi beshi murikino gihe gusumba izindi bunga koranyambaga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769