Burundiculture_featurefeatured sportgroups-member-promotedkirundi

Ninde uwahawe ubushikiranganji bw’inkino,urwaruka n’imicokama?

Iki ni kimwe muri vyinshi vyibajijweko igihe hamenyekana urutonde rw’abashikiranganji bashasha cumi na batanu baheruka kugenwa muri leta y’u Burundi irongowe na nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’ u Burundi General major Evariste Ndayishimiye.

 


Izina rya Ambassadeur Ezéchiel Nibigira yahora aramutswa ubushikiranganji bw’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu kuva kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018 ni ryo ryizewe  rihabwa ubushikiranganji bw’inkino urwaruka n’Imicokama, rikaba na rimwe mu mazina yagarutse muri leta nshasha.

Uwo mushikiranganji twavuze ari muri batanu bagarukanywe muri leta nshasha mugihe abandi cumi bagenywe ari bashasha muri ayo mabanga.
Ambassadeur Ezéchiel Nibigira akaba yagenywe mu mabanga adasanzwe kuko ubushikiranganji atwara burimwo ibisata nk’iyinjira ry’u Burundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko (East Africa),ubw’inkino ,ubw’imicokama n’urwaruka .

Uwo mushikiranganji akaba yavukiye mu ntara ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 10 Rusama umwaka 1971, mbere akaba yarigeze gutorwa mu bashingamateka b’iyo ntara.
Nibigira akaba yarigeze gutwara ambassade y’u Burundi muri Kenya.

Ambassadeur Ezéchiel Nibigira akaba yize Kaminuza yitiriwe umwizero wa Africa bita mururimi rw’ikinyamazuru Université Espoir d’Afrique .

Benshi baremeza ko amabanga agiyemwo azoyashobora kuko yigeze kuba ajejwe igisata c’urwaruka mu mugambwe yamukamwo.

Indundi sports imwifurije kuroranirwa murayo mabanga mashasha aheruka guhabwa n’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 502