BurundiÉnergiekirundiRacingTourisme

Nounou yasezewe ubwa nyuma, afatwa nk’uwitangiye Rallye

Haraciye indwi nka zibiri Uburundi bubuze umwe mu barongozi b’ishirahamwe ryo gusiganwa n’imiduga Rallye akaba yarajejwe igisata c’abahinga bakurikirana bakongera bagahagararira urwo rukino bita contrôleur mu kinyamazuru akaba yitavye Imana kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo muri Kenya akaba yari afise imyaka 46.

Nounou ni nde ?
Didier Niyokindi batazira Nounou ni umwe mu barundi bateje imbere ishirahamwe ry’urukino rwo gusiganwa n’imiduga benshi bita Rallye , mu buzima bwa misi yose akaba yari umurwizatunga benshi bari bamuzi mu rudandazwa no mu rukino rwa rally .

Ku bamuzi bemeza ko Club automobile du Burundi ibuze intwari , umugenzi wa bose bakemeza ko kumusubiriza bitazoroha kuko yarafise ubunararibonye mu guhagarikira izo nkino zo gusiganwa n’imiduga.

Kuri uyu wa kane kw’igenekerezo rya 3 Kigarama niho incuti, abo bakuranye ,abo biganye ,abo bakuranye , ababanyi n’abagenzi bamushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye. Asize umukenyezi n’abana .

Urupfu rwiwe rwatumye Rallye yaritegekanijwe kw’igenekerezo rya 5 Kigarama umwaka turimwo yunguruzwa ku rindi sango ritaramenyeshwa.

Indundi sport imwifurije uburuhikiro bwiza ikaba ihojeje club automobile du Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 501