Entertainmenthomepagekirundi

Ntibikiri ibanga, abaririmvyi bazoboneka muri Twenga na Mutima show bamenyekanye

Mu makuru yacu twari tumaze imisi tubashikiriza twarababwiye ko Mutima le Comédien agiye kuboneka mu giteramo ciwe bwite igiteramo kigiye kuba ku ncuro igira 2.

Ku ncuro ya mbere yarabiciye biracika ngo ubu hoho hazoca uwambaye. Ico giteramo citiriwe Twenga na Mutima show.

Uretse ko twari twamaze kumenya ko aba comédiens bagenziwe nka Kigingi, Gasore, Raoul, IldePhonse, Team Mutima nabo ko bazokwishikira muri icokibanza, haramaze kumenyekana n’abaririmvyi bazofashanya urwo rubanza.

Sat_B, Kirikou, Esther Nish, Masterland, Mkombozi, Ingo Live Band tutibagiye na Nyamate niho bazoba bibereye.

Tubibutse ko ico giteramo kizoba igenekerezo rya 28 Myandagaro 2022 kuri Miki Lounge Bar haruguru ya Lycée du Lac guhera isaha icenda (15h00), kwinjira ahasanzwe ni ibihumbi 10000fbu, VIP 20000fbu, VVIP 50000fbu, imeza y’abantu 4 ni 100000fbu, Sponsor 250000Fbu

Nta mpamvu yo gusiba kugira mwiyongereze imisi yo kubaho n’umuziki mwiza w’abaririmvyi bacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769