homepage

Bujumbura:Umurwi wo mu Ngagara niwo watahukanye ihiganwa ryahariwe ukwezi kw’umukenyezi

Umuriyoni amafaranga y’amarundi n’imipira ibiri yogukina hamwe k’igikombe niyo mafaranga yatahukanye zone Ngagara muri za nkino zari zimaze imisi ziriko zatunganijwe mu ntumbero yokwifatikana n’abagenyezi ku musi mukuru usanzwe uhimbazwa igenekerezo rya 08 Ntwarante ukwo umwaka utashe.

Hariko hasozerwa izo nk’ino kuri uyu wa kabiri, mw’ijambo ry’umwe mu bari batunganije iryo higanwa yagize ati:“Nivyo ntivyari vyoroshe ariko twarashoboye kwitura ishirahamwe Wasili naryo riratwemererako dutunganya iryo higanwa,n’ubwo ryari ihiganwa rwateguwe mu gushigikira agateka k’umukenyezi twarahisemwo ko hakina abahungu kuberako aribo bashoboye kuboneka mu ma zone yose y’igisagara ca Bujumbura,ikindi kandi Rino higanwa tuzohora turitunganya ukwo umwaka utashe”

Raissa asanzwe arongoye ishirahamwe  Wasili Imbere y’amategeko ari naryo ryari rifashe mu mugongo iryo higanwa, yashikirijeko iyo urwaruka rugiye kwonora imitsi aba ari ikintu ngirakamaro “natwe biraduhimbara kuko umupira wagiye uratera Imbere arinaco catumye tuwuha ikibanza ca mbere muri Wasili.”

Muri izo nkino zariko zibera kukibuga c’ikigo c’ubuhinga,Mu rukino rwokurondera ikibanza ca gatatu,urukino rwarangiye Umurwi wa zone Buyenzi unganya na zone Cibitoke igitsindo i Kuri 1 baca bikora Ku mipira y’imiterekano arizo Pénalty,zone Buyenzi winjiza 5 Kuri 4 za zone Cibitoke,naho urukino rwo kurondera ikibanza ca mbere Umurwi wa zone Ngagara itsinda zone Kinindo ibitsindo 2 Kuri 1.

Umurwi wabaye uwambere waronse 1.000.000fbu+imipira 2 hamwe k’igikombe,uwakabiri utahukana ibihumbi amajana umunani hamwe n’imipira ibiri,uwagatatu ibihumbi amajana atanu hamwe n’imipira ibiri,mugihe uwakane watahukanye ibihumbi amajana atatu hamwe n’imipira ibiri.

Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 668