homepagesociete

N’ubu ntacizere co gutunganirizwa bafise abakozi b’ishirahamwe BRA manufacturing

Abakozi b’ishirahamwe rihingura ibikoresho vya palasitike BRA Manufacturing bazindutse basubira guhagarika akazi mu gitondo co kuri uyu wa 18 Kigarama 2023 basaba ko batunganirizwa mukuronswa amasezerano y’akazi hamwe n’utundi turusho twose dutegekanywa n’amategeko agenga abakozi . Umushikirangaji w’abakozi n’akazi ahashitse yari yabemereye ko ico kibazo kibwirizwa gutorerwa umuti.

Ikibazo c’abakozi b’ishirahamwe rihingura ibikoresho vya palasitike BRA Manufacturing n’ikibazo kimaze igihe kitari gito,k’uko hari hageze ukwezi abo bakozi nyene bahagaritse akazi mbere umushikirangaji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga arahishikira arumviriza impande zose gutyo anavaho humvikanywe ko uburongozi bw’iryohonguriro bugiye gutorera bimwe mubibazo vy’abo bakozi mukiringo kitarenga imisi itanu,ingingo yahumurije abakozi bari bahagaritse akazi .

Mu gihe bari bahagaritse akazi kuri uyu wa mbere igenerekerezo rya 18 Kigarama 2023, umushikirangaji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga ari nawe yari yahagarariye ibiganiro vya mbere yasubiriye aragaruka yumvise ko ibikorwa vyahagaze araheza asiga ababwiye kwagaruka mu gihe c’umuhingamo igihe c’isaha 9 kugira ikibazo kive mu nzira ,ariko araheza asiga abwiye uwujejwe igipolisi mu Gisagara ca Bujumbura ko yoba arabumviriza,uno nawe ntabirebire yabashikiyeko uretse kubasaba kubandanya basaba gutunganirizwa ariko batekanye.

Umushikirangaji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga yahavuye agaruka kw’isango yabahaye araheza arahuza abaserukira abakozi n’uburongozi bw’ishirahamwe BRA Manufacturing gushika mu masa y’umugoroba isaha 12 n’iminota 45 .

Ariko abakozi bakaba batashimishijwe n’ivyavuye mubiganiro kuko ahubwo bobo batangajwe no kuba ivyashitsweko mu nama ya mbere bitashizwe mu ngiro ariko Ubu bakavuga ahubwo babwiwe kwatari masezerano bagifiniye n’iryo shirahamwe rihingura ibikoresho vya palasitike ahubwo ko bokwandika basaba akazi gushasha.Ubu bamwe mubakozi bavuga ko ivyo bariko barakorerwa bisa n’iterabwoba.

Kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2023,abo bakozi bakaba bazindutse bigizwa inyuma n’igipolisi kugira hinjizwe abakozi bashasha,ico gipolisi nyene kikaba casubiriye kubasaba kuja kwitura ubutungane ariko batabujije ibikorwa vy’ishirahamwe ko bibandanya.Bano nabo bakaba baciye berekeza kubiro vy’umushikiranganji w’akazi kugira barabe ko botunganirizwa ariko bakaba babwiwe k oumushikiranganji atari hafi afatiriwe n’amabanga y’akazi ari hagati mu gihugu .

Abakozi b’ishirahamwe BRA Manufacturing basaba gutunganirizwa bakaba baba amajana ane (400).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687