Entertainmenthomepagekirundiyouth

Nyamate aratera akamo abafise impano boba bashaka gushira ahabona bikanka ngo ibintu n’Imana

Kubwa Nzambimana Janvier azwi cane nka Nyamate no mu gutambisha inkofero ngo ibintu n’Imana ijambo akunze gukoresha cane naho abenshi bataritahura ngo Imana yamukuye mw’ibarabara imuha impano idasazwe.

Nyamate azwi k’ubugenenegene bwo gutambisha inkofero ubu ngo ageze kugutambisha inkofero cumi na zibiri muga ngo ntaragera kuvyerekana kuko ngo ntiyomara ubugenegene bwose nawe ataco araronka comufasha akuyemwo mw’iyo mpano yiwe.

Akaba atera akamo abasazwe bafise impano ngo ni bicishe bugufi basabe mukwegera abantu ababaruta haba mu mpanuro canke ibindi vyankenerwa nibaronka amahirwe bakabaha nakanya gato babereke impano yabo munyuma naho bazobarondera babasabe ko bobafasha mu gushira ahabona iyompano ibinyegejemwo.

Mwomenya ko Nyamate  yatanguye aririmba indirimbo aho yanakoze indirimbo yise Maisha ariko ubuzima bwiwe ntibwari bwiza kuko ngo ico gihe yarara mw’ibarabara aca aronka umuvyeyi abako ahava ajana n’abana biwe mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya arinaho yatanguye kwiga gutambisha inkofero zibiri kubera impano yari imurimwo biramworohera aca aguma yongeza yiyigisha gushika ubu akaba ageze kuri cumi na zibiri.

Ikindi nuko Nyamate agiye kuzoboneka muri Concert ya Bantu Bwoy igenekerezo rya 14 Kigarama, kubwiwe ngo imyiteguro niyose abakunzi bazobona nabishasha kuri we, eka  n’ibindi biteramo bitaribike azovyitabira bigiye kuba muri kuno kwezi nyene gusozera umwanka kuko ubutumire aza amaze kuronka ubutaribuke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770