Burundifeatured sportgroups-at-messagekirundiSport

#Nyanza- Lac |Championnat National du Cyclisme 2020

Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga(09)2020 muri komine Nyanza-Lac, niho haba ihiganwa ry’abagendesha amakinga ku rwego rw’igihugu,
Ibirori vyo gutangura iryo higanwa bikaba vy’uguruwe icese n’umushikiranganji w’ubudandaji kumwe niyinjira ry’Uburundi muri Africa y’ubuseruko ( Ministre des Affaires et de la communauté Est Africaine) ,bikaba vyari vyatewe iteka n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’inkino , Secrétaire wa CNO (Comité Nationale Olympique) ,umukuru wa FBC(Fédération Burundaise de Cyclisme) na Directeur Général du Sport .

Iryo higanwa rikaba ryari rihurikiyemwo urwaruka ruri mu migwi itandukanye kandi yaje iva mu mihingo itandukanye y’igihugu.

Umugwi wambere ukaba wari ugizwe n’abahungu hamwe n’abakobwa bagendesha amakinga azwi nka matabaro, kandi bagasiganwa gushika ku birometero 20.

Batatu bambere b’abakobwa bakaba bakoze hagati y’ iminota 55 n’amasegonda 38, nayo batatu bambere b’abahungu bakaba bagenze hagati y’iminota 41 n’amasegonda 20
.
Bose hamwe bakaba bashoboye guhabwa imidari hamwe n’amabahasha, kandi bakaba basezeranijwe kuzohabwa inyigisho n’imyitozo yo kubasha kugendesha amakinga yagenewe amahiganwa .

Umugwi ugira kabiri w’abagendesha amakinga muco bise (course contre la montre individuelle) ukaba wari ugizwe n’imikangara y’abahungu hamwe n’iy’abakobwa biruka ku birometero 20.

Abahungu bakaba birutse mu minota 37 n’amasegonda 39 ,abakobwa nabo mu minota 41.

Umugwi wanyuma ukaba wari ugizwe n’aba (Élites) b’abahungu gusa nabo bakaba biruse ibirometero 20 mu minota 41 n’amasegonda 27.

Iyo migwi nayo nyene ikaba yabashe guhabwa imidari n’amabahasha .

Ivyo birori vyari bigizwe no guha (certificat) ku bamenyereza n’abashoboye kw’itanga cane biciye mu bikorwa bakora kugirango ihiganwa rigende neza.

Iryo higanwa rikaba ririko rirasozerwa  kuri uwu wagatandatu igenekerezo rya 6 Nyakanga 2020 n’umugwi w’abagendesha amakinga uzoduga umusozi Rukonwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 516