BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi

Pablo Tiken yashimye Emery sun uburyo yandika

Inyuma y’indirimbo Vuga ikirundi, Pablo Tiken yakoranye na B Face yagize akamaro kanini nk’uko aheruka kubivuga muri kimwe mu biganiro vya hano iwacu, uwo muririmvyi yanavuze kw’ikorana ryiwe na Emery Sun.

Muri ico kiyago nyene, Pablo yavuze ko Emery Sun yamushimye uburyo yandika, kandi ngo abakurikiranira hafi ibijanye n’umuziki, ngo baratahura cane uko uwo muririmvyi asanzwe yandika.

Pablo akaba avuga ko ukwandika kwa Emery sun kuba kurimwo ubutumwa bukomeye, kandi nawe ashima ko indirimbo yiwe iba irimwo ubutumwa buzogira ico bumariye abantu. Ico kikaba arico gituma yashimye gukorana nawe.

Pablo akaba ashima cane aho iyo ndirimbo yakoranye na Emery Sun, kuko abamaze kugira ico bayishikirizako bose bayivugako ivyiza gusa.

Muri ico kiyago yagiranye na Nyagira akaba yanavuze ko atagisubira kandi kunyoteza abafana biwe, ahubwo ngo bagiye kuzoza barabona ibikorwa bishasha buri mezi 3.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775