Entertainmenthomepage

Pacifique Ninahazwe, B Face na Big Fizzo bafashe inzira imwe

Mu gihe mu Rwego rw’igihugu rujejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora, CNC, bitegura guhagarika izindi ndirimbo, abaririmvyi, abafana co kimwe n’abandi barabiha hafi ingingo zifatwa mu gihugu, babona ko hari hakenewe n’ugushimira izitagira utwo dusembwa bahora izindi.

Ibiheruka gushikirizwa na Big Fizzo co kimwe na B Face ku bijanye n’ihagarikwa rya za ndirimbo 30, n’izindi ziriko ziza ziranyaruka nka ya Biz Mista Champagne yakubita Kajala, vyashigikiwe na Pacifique Nininahazwe.

Izo ndirimbo 31 zigiye kwongerwako izindi, mu misi ya Vuba, zikaba zihorwa ko zirimwo amajambo Atesha agaciro imico n’imigenzo ya Hano iwacu, ariko Rasko, asanzwe ategura ibiteramo na Pacifique Nininahazwe yigeze gutwara ihuriro ry’amashirahamwe Yigenga Forsc bo bakaba atariko babibona.
Kubw’abo bagabo babiri, mu Burundi bw’aho hambere, aribwo dukurako iyo mico n’imgenzo abo baririmvyi nka Natacha, Big Fizzo, Ado Josan, Alvin Smith, Kirikou akili, Double Jay n’abandi batitura, ngo hariho Indirimbo n’amajambo uno musi atokoreshwa, kuko yofatwa nabi cane.
Pacifique Nininahazwe akaba yamenyesheje ko hari ivyigwa muri kamenuza y’Uburundi bigishwa, birimwo ico mu Kirundi bita imikomo, canke urukato rwakoreshwa mu kurima mu Kibiri.
Amenyesha Kandi ko Muri kaminuza y’Uburundi, ivyo bishirwa muvyari mu mico n’imigenzo ya hano iwacu. Ariko Kandi ngo umwambaro abigeme bagize igihe bambara, aho bivugwa ko baba batikwije, aho hambere ngo ni nawo wari umwambaro wabo.
Mu kiganiro kidasanzwe cakozwe na Hosy irakoze Kuri Siren Vibe mu misi iheze, cari catumiwemwo uwaserukiye CNC, Umuririmvyi, umumenyeshamakuru, n’uwutegura ibiteramo, herekanywe kubw’abo, icokorwa ngo ivyo bintu bihere, nayo Pacifique Nininahazwe nawe yaraye atanze iyindi nzira abona.
Kubw’abari muri ico kiganiro, izo ndirimbo ngo ntizari guhagarikwa, kuko abazikunda bakuze bitotesha ibanga bo Bahari, ahubwo ngo zokwungururizwa amasaha yo kuvuzwa. Ico gihe ngo abo zobangamira zikigisha Ingeso mbi, ngo boba baryamye.
Nayo Pacifique Nininahazwe we, akaba yamenyesheje ko umuti w’izo ndirimbo nawe nyene yemeza ko zirimwo amajambo utoshima ko umwana yumviriza, ngo n’ukuzitera umugongo, ahubwo hagashigikirwa za Ndirimbo zifise amajambo ahanura.
Uwo Mugabo akaba yamenyesheje ko ivyo vyoshoboka mu gihe bashinze ikigega co gushigikira bimwe biboneka abaririmvyi b’abarundi. Gutyo ngo Leta ikerekana uwoshigikirwa uko yoba yitwaye, gutyo ngo Indirimbo nziza zizoboneka ku bwinshi, nayo izo mbi ngo zizijana atawuzirukanye.
Ico ciyumviro kikaba giheruka gushikirizwa na B Face co kimwe na Big Fizzo, aho nabo agashavu kaniga, kuko ngo bitumvikana ukuntu haboneka izo bahagaritse mbi, ariko hatigera hasohoka Urutonde rw’indirimbo zogushigikirwa.
B Face muri ca kiganiro kidasanzwe nari mpejeje Kubabwira, yamenyesheje ko afise Indirimbo zitari nke, zivuga ku Buzima butandukanye bw’abenegihugu, ariko ata na rimwe baramushigikira, ngo baze bafate akanya kurya bashoboye kuronka uko bazihagarika, ngo banafate akanya bavuge izimeze neza.
Nayo Big Fizzo we akaba afise nawe nyene izitari nke, zirimwo nshasha aheruka gusohora yitwa Hangama, ariko nawe nyene akaba ari mu gitigiri c’abidoga ko badashigikirwa na Leta y’Uburundi.
Muri ico kiyago Kandi hanashikirijwe ko Ico kigo na Leta y’Uburundi batarabona neza, uburyo uwo Muziki bariko barahagarika ngo ahandi ari kimwe mu vyinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu. Abari mu kiganiro bakaba batanze akarorero k’igihugu ca Nigeria ngo Kiri mu bihugu abantu batamenya umukuru w’igihugu, ariko abaririmvyi babo bazwi cane, Kandi binjiza amafaranga menshi gose.
Muri ico kiganiro nyene umumenyeshamakuru yari yatumiwe yamenyesheje ko kuba CNC yaratanguye guhagarika izo ndirimbo, ariko yo ikavuga ko yahagaritse ku ma radio no ku mboneshakure gusa, ngo vyugururiye umuryango izindi nzego zose z’igihugu kugira zifate ingingo yo guhagarika izo ndirimbo canke iyindi iyariyo yose Burundi mu gihugu.
Aha uwaserukiye CNC muri ico kiganiro akaba yamenyesheje ko izo ndirimbo zirekuwe kuvuzwa mu biteramo, n’ahandi hose, kiretse mu binyamakuru. Izo ndirimbo Kandi zikaba zinarekuwe kuguma Kuri za mbuga zigurisha umuziki.
Mu babashije kugira ico bashikirije Kuri iyo ngingo yasubiye Kandi gushimangirwa n’uwutwara CNC, hakaba harimwo abashigikiye iyo ngingo y’urwo rwego, aho bavuga ko bishobotse hoshingwa ikigo kibanza kugenzura izo ndirimbo imbere Yuko zishirwa kw’isoko.
Uwitwa Nestor Nkundayezu yagize zti :” Hari amajambo atabereye mu ndirimbo nyinshi cane, ahubwo harashingwa ikigo ku buryo kizohora kibanza kwiga amajambo canke amasanamu ari mu ndirimbo imbere yuko isohoka. Indero irakenewe.”
Uwundi nawe yamenyesheje ko naho hari ivyigishwa muri Kamenuza y’Uburundi, ngo hari n’umurongo babereka ko utarengwa. Uwiyise Neymar Junior da silva yanditse agira ati:” Muri kamenuza nyene muri Bapteme universitaire baravuga bati vyose birarekuwe ariko vyose ntibidufitiye ikimazi, akamaro.” Hari amajambo bakoresha atabereye kwumvirizwa n’abana barikumwe n’abavyeyi babo canke umuntu wese yisoneye Ari Ibishegu Kandi ata butumwa burimwo. Reka mvuge nti n’indirimbo zitagira urupfasoni. Nta Pudeur.”
Iyi ntambara y’amajambo avuzwa mu ndirimbo akaba atanguye inyuma yaho hacureheye iyindi yari igihe kitari gito igisibije, aho abaririmvyi bari bafise akababaro kubona Indirimbo z’abarundi havuzwa nke cane, ariko iz’abanyamahanga zikaba umurengera.
Iyo ntambara ikaba yasa n’iyacureshe, kuko bimaze kuboneka ko igitigiri c’indirimbo z’abarundi zivuzwa muma radio, zibandanya kwongerekana gusumba iz’abanyamahanga.
Ibi bamwe bakaba babihwanisha n’uko abaririmvyi b’abarundi batanguye gukora cane, ariko Kandi hasigaye hari abavuga cane kubera ivyo baba bashikirije haba mu biganiro canke ku mbuga ngurukanabumenyi basanzwe bakoresha.
Mukibuka ko umwe mu barabira hafi ivy’inyungu z’abaririmvyi mu Rwanda, aheruka kuvuga ko uguhagarika Indirimbo, bishobora kuba umukenyuro wo kugira umuziki w’Uburundi uduge cane gusumba, ariko akaba yamenyesha ko utokoreshwa uko wakoreshwejwe ahubwo, hohagarikwa Indirimbo z’abanyamahanga iz’abarundi bakazireka.
Aha akaba yabishikirije mu gihe bariko bashikiriza ivy’uguhagarikwa kw’indirimbo zimwe zimwe z’abanyarwanda zirimwo Ikinyafu, Canke Yalampaye zahagaritswe muri zimwe 30 ziheruka guhagarikwa na CNC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708