Entertainmenthomepagekirundi

Pamy Queen inyuma y’ agacerere yahoramwo ibi nivyo agarukanye.

Pamy Queen n’umuririmvyikazi twatanguye kumenya ari mu murwi w’abakobwa ba 2″ the Queens” mu nyuma yaho twarabuze irengero ryabo ariko pamy Queen we akaba yarabandanyije asohora nubwo yacishamwo igihe kitari gito tutabona, ibikorwa vyiwe bishasha, none n’igiki catuma acererwa?

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Magazine yagarutse ku kibazo c’uburyo ko arico gituma badasohora ku gihe ibirwa uko biba bikenewe .

Ariko tugerageje kuraba n’ibindi bikunda kuba intambamyi ku baririmvyikazi iyo bagiye kw’ubaka izabo canke iyo bibungenze biri muri bimwe bituma baguma mu gacerere nawe tukaba twaratanguye kubona agacerere kiwe kuvaho arongorewe.

Pamy rero isango yari yaratanze rikaba ryabaye ntabanduka kuko indirimbo “Connecter”ibarizwa kuri youtube yiwe n’indirimbo y’urukundo ifise n’amasanamu yayo.

Ku kibazo yavuze ko afise c’uburyo woba washimye iyo mpano yiwe urafise uko womufasha? Hoho abaririmvyikazi nka bose ukuntu ibikorwa vyabo bitaba ku gihe coba arico kibazo basangiye?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769