BurundihomepageIKIRUNDI_newskirundi

Past. Dieudonne Nahimana ngo ugupinga nikwo kwamwuguruye amaso

Pastor Dieudonne Nahimana ngo ugukizwa kwiwe kwahereye mu gupinga n’umugenzi wiwe, noneho atahura ivyo atari bwigere abwirwa na rimwe n’abo yemera nk’abavyeyi biwe bo mu mpwemu.

Mu kiganiro Hangout ca Jimbere Magazine, Past. Dieudonne yavuze ko kuva abonye amabi yariko arakorwa mu Burundi, mu bibazo twaciyemwo mu 1993, ngo yaciye atakaza ukwizera Imana, ahubwo atangura kwemera ata Mana ibaho, aria bantu bayishizeho.

Yagize ati : “Kera nakuze nemera, nsenga, bantegura kuba umu Padiri, mugabo mbonye ibintu biriko biraba muri Crise -Ibibazo uburundi bwaciyemwo mu 1993- nca ndavuga ko ata Mana ibaho, Nca ndavuga ko ari ikintu abantu b’invense.  Rero jewe nagiye gusoma Bible kuko ndiko ndaharira n’umugenzi, ndamubwira nti mpa iyo Bible ndayisome, ejo mu gitondo nzogukonvenka ko ata Mana ihari.”

Uwo mugabo yigeze Kwitoza mu Kibanza c’Umukuru w’igihugu, avuga ko agiye gusoma ico gitabo gitagatifu, ngo yahavuye ahubwo asanga harimwo vyinshi atabwiwe, ivyamuviriyemwo kwuguruka amaso, agasanga ahubwo yanahora yumviriza ibintu binyuranye n’ivyo yarasanze yemera.

“Ngiye kuyisoma nca ndecouvra ama Verite yandi batigeze bambwira muri Religion, maze gufata ingingo yo gukurikira Yezu vy’ukuri bitavuye kw’idini kanaka, Narasubiye muri Boite. Ndavyibuka ico gihe hari hakiri kuri Galery Simba, twagenda muri Boite gutamba, bwari ubwa mbere ntangura kwumva amajambo y’abaririmvyi bariko bararirimba. Ukumva umuntu ariko aririmba avuga ibintu vya s6x, abandi bariko bavuga ibindi, eeeh finalement ibi nivyo ntamba, ukumva, eeeh, aya majambo ababantu bariko baravuga nivyo ndiko ndakurikira? Ntangura kwumva bifise sens inyuranye n’ivyo nemera. ” Bishikirijwe na Past. Dieudonne Nahimana

Pastor Dieudonne uno musi arongoye urusengero OASIS  Christian Center rwatanguye mu mwaka wa 2010, arutanguzanya n’umutambukanyi wiwe barikumwe kuva mu mwaka wa 1997 ataranatangura ibiorwa vya New Generation, abatari bake basanzwe bamuziko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 749