BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmentGospelhomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Fortran Bigirimana agiye kumara imisi 7 i Kigali mu Rwanda

Fortran Bigirimana agiye kumara imisi 7 I Kigali aho yitabiriye ibikorwa vy’igikorane kiriko kibera muri ico gisagara aho yatumiwe n’umwe mu bakozi b’Imana bakomeye muri ico gihugu.

Fortran Bigirimana yarafise igiteramo mu bubirigi ku musi wa gatandatu w’indwi twaraye turangije, yafashe indege ku musi wa mungu aho yamenyesheje abakunzi bakurikirana imbuga asanzwe akoresha ko yatumiwe I Kigali.

Fortran akaba yatumiwe I Kigali na Pastor Mignone nkuko yavyanditse kuri izo mbuga asanzwe akoresha. Uwo mukozi w’Imana akaba ari umwe mu barongoye Noble Family Church, urusengero rukunze kuvugwako kubamwo abagore benshi cane gusumba abagabo muri Kigali.

Kuri uyu wa kabiri akaba ari umusi wabo wa 2 w’ico gikorane, aho ari imisi 7 y’uguhimbaza Imana, aho bafashe icivugo kiboneka muri Zaburi 23:2, ahavuga ngo :“Umvyagiza mu canya c’Ubgatsi butotahaye: andongorera I ruhande y’amazi adasuma”.

Fortran akaba mu kiganiro yaheruka guha Jimbere magazine yaheruka kumenyesha ko afise ku mutima kugaruka gukorera ibikorwa muri kano karere Uburundi buherereyemwo.

Mukibuka kandi ko iki gikorane kije inyuma y’imisi mikeya asohoye amasanamu y’indirimbo nshasha, ikaba  iri mu gitigiri c’indirimbo zikozwe mu rurimi rw’ikirundi ziriko zirasohoka ku bwinshi muri kino gihe inyuma y’ugusohora izitari nke ziri mu ndimi mva makungu, nk’igifaransa n’icongereza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 763