Burundihomepagekirundi

Pasteur Mbayahaga Isidore yavuze ku bapinga ubutumwa ashikiriza

Bavuze izina Pasteur Mbayehaga Isidore abenshi ntibashoka bamenya uwawire, ariko babonye kamwe mutu Video twiwe dukwiragizwa hirya no hino, baca bamwibuka.

Kamwe muritwo ni nk’aho yagaruka ku bifata amafoto ayo bakunze kwita ama Selfie, ngo bihindukiza basubira, aho atahuje nabo.

Uwo mukozi w’Imana akaba n’umukozi wa Leta y’Uburundi, ngo kubwiwe ubugugu bwa mbere n’ukubona ko wikwije ata Mana ukeneye, naho woba utunze vyinshi, unemerwa cane mu kibano.

“Ubugugu bwa mbere ni ukubona ko wokwishoboza vyose, Imana idakenewe mu buzima bwawe. Ico woba uri cose, nubwo woba uri umutegetsi abantu bose bakakwubaha, ugatunga ibintu vyinshi, ukabona ko wemewe mu kibano, ukabona ko ata mana ukeneye wikwije, nibwo je nita ubugugu, n’ubupfu.”

Uwo mutware w’ishirahamwe ONATOUR risanzwe ricukura rikanagurisha ibizuku, akaba abona ko ukudahuriza ku butumwa atanga, ngo n’ibisanzwe cane. Ariko kubwiwe ngo uwutemera ivyo ashikiriza, ngo ntaba yanse ubutumwa bwiwe, ahubwo aba yanse ubutumwa bw’uwamutumye, uwo nawe akaba ari Kirisu.

Ivyo uwo mukozi w’Imana yabishikirije mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru Jimbere Magazine, aho yanamenyesheje ko yatanguye kuvuga ubutumwa kuva mu mwaka wa 2008.

Koba ari akahe ka Video kiwe mwoba mwarakunze?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764