BurundihomepagekirundipoliticssecuritysocieteWorld News

Perezida Donard Trump ngo aracafise impungenge ku Burundi

Mu rwandiko ibiro vy’umukuru wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump vyaraye bimenyesheje inama nshingamateka y’ico gihugu ko ingingo ishira Uburundi mu bihe bidasanzwe ibandanya.

Muri ubwo butumwa umukuru w’igihugu c’igihangange kw’isi Donald Trump yasiguye ko : «Mu Burundi hakivugwa ubwicanyi n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, uguta mu mvuto bamwe n’abandi, amajambo abiba urwanko, gucanamwo n’ukutihanganiranira mu vya politike».

Ni ingingo yafashwe biciye mw’itegeko rya perezida wa Amerika inomero 13712, ryateweko umukono itariki 22 z’ukwezi kwa Munyonyo muri 2015, ico gihe hari hagitwara Barack Obama.

Reta zunze ubumwe za Amerika ibicishije muri iryo kete yemeje ko umutekano wayo na politike yayo mu makungu navyo bibangamiwe n’ico cuka kiri mu Burundi. Ari naco gituma Amerika ikomeza ingingo yafashe yo kwama igavye mu ntumbero yo guhangana n’ibibazo vy’umutekano muke mu Burundi.

Ku bwa Trump kandi, ico cuka kirabangamiye amahoro, umutekano n’iterambere rirama vy’Uburundi n’akarere burimwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765