homepagekirundisecuritysociete

Perezida John Pombe Magufuli ahamagarira impunzi z’abarundi gutahuka iwabo

Igihe yariko agendera akarere ka Tanganyika mu ntara ya Katave hafi y’urubibe igihugu ca Tanzaniya gihana n’Uburundi, umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli, yabwiye abarundi bari mu makambi y’impunzi ko botangura gutahuka kuko mu gihugu iwabo harangwa amahoro n’umutekano.

Magufuli yabwiye kandi ko abababwira kudataha ko babifisemwo inyungu, bahembwa kuko abo barundi bitwa impunzi abasaba kutabatega amatwi, kuko nkuko vyavuzwe n’umukuru w’igihugu Magufuli tumwe mu duce bahunze bavamwo twatanguye kubamwo amahoro, ati mushobora gutahuka mu mahoro. Yongeye kandi ababwira ati “nimba warahunze ukabona aho wavuye hagarutse amahoro tahuka usubire iwanyu”.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje ko muri kahise Tanzaniya yahaye ubwenegihugu abagera 120 mu bari bahunze mu mwaka w’1972.

Yabasavye kudakomeza kuguma mu buhungiro kuko ngo nigihe Yezu yahungira mu Misiri, Herodi amaze kuhava Yezu yaratashe, ati gute none mwebwe mudashaka gutaha?

Twobibutsa ko Tanzaniya arico gihugu cakiriye impunzi nyinshi z’abarundi bahunze kuva mu mwaka w’1972 ariko a batari bake bari bahungiye muri ico gihugu bakaba bamaze gutaha naho n’ubu hakiriyo impunzi zitari nke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756