Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 30 Myandagaro 2023 umukinyi w’umupira w’amaguru wa kera mu mugwi wa Burundi Sports Dynamik Philippe alias Fusée Ndikunkiko yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo .
Uwo mukonyi wa Kera w’umugwi wa Burundi Sports Dynamik Philippe akaba ashengeye afise imyaka 78 y’amavuko .
Yakinanye n’abandi bakinyi bakomeye muri Burundi Sports Dynamik nka M. Nayabagabo , Paul Bitariho , Dodo, Amran Bucucu , Luanganyisha , Munyololo Mortier , Marthus hamwe na Youssouf .
Mwomenyako yakinye muri uwo mugwi wa Burundi Sports Dynamik mu myaka ya 1970.


















