Entertainmenthomepagekirundi

Pin Pajo asubiriye gukorana na Alvella muhimbare

Amazina yahawe n’abavyeyi ni Bagabo Patrick umuziki nawo umuha izina rya Pin Pajo. Kuva 2020 niho yahisemwo kuririmba indirimbo zo kuninahaza Imana indirimbo igira 3 akaba ariyo agomba kudushikiriza vuba.

Uretse ko ari umuririmvyi, yatanguriye kuvuza ibicurarangisho bitandukanye nka Guitare,piano,…… yaboneka cane mu bibanza bitandukanye bavugirizamwo umuziki w’ikibiriraho(karaoké) haba ngaha iwacu no mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Imana itoranya uwo yishakiye, ntawibaza ko Pin pajo yobonetse aririmba indirimbo zo kuninahaza Imana.
Mw’ihiganwa ryari ryatunganijwe n’umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza, Pajo yanatahukanye agashimwe .
Indirimbo zitwa ko ari izisi aba arazisezereye.

Duheruka no kumubona mu ndirimbo yitwa “Abba Data” yafashije Alvella muhimbare .
Ubunaho yaduhaye isango KO kw’ igenekerezo rya 2 Ruheshi 2023 azoshira ahabona indimbo yiwe bwite yise” Izina “hakazokwumvikanamwo ijwi rya Alvella
Icipfuzo ciwe ngo nuko atarota asubiza amaso inyuma mu ndirimbo z’inkundo, ubu yafashe inzira yo gukorera Imana, indirimbo yatanguriyeko agicakira agakiza yitwa “yakoze ibikomeye”

Mukurindira iyo ndirimbo tube turaryoherwa na “Abba Data “

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769