EnvironementIbiyovyabwengeJusticekirundisecuritysociete

#Police y’Uburundi iragabisha abigenza nabi

Mw’itangazo ryashizwe ahabona babicishije ku rubuga ngurikana bumenyi rwa facebook ya Police y’Uburundi bamenyesheje ko amategeko yo mwibarabara agikora.

Hari kuri uwu wa 06 Ndamukiza 2021 aho babicishije muri aya majambo akurikira:

UMUTEKANO WO MU MABARABARA
Bivuye mw’Itegeko Nshikiranganji Inomero 215/1536 ryo ku wa 12/11/2018 Rishinga Ibikurikizwa mu Gufata, Uguhagarika n’Ukwaka Uruhusha rwo Kugendesha Umuduga.
Igice ca 2. IVYEREKEYE IFATWA RY’URUHUSHA RWO KUGENDESHA UMUDUGA
Ingingo ya 8
Uruhusha rwo kugendesha umuduga rushobora kumara ikiringo kitarenga amasaha mirongo irindwi n’abiri (72) rufashwe mu gihe nyene uruhusha :
1) Agendesheje umuduga aborewe ;
2) Yanse guha inzira uwufise uburenganzira bw’ukubanza kurengana ;
3) Yanse gukurikiza ivyo ategerezwa n’umukozi ajejwe uruja n’uruza mw’ibarabara ;
4) Atutse umukozi ajejwe uruja n’uruza mw’ibarabara ;
5) Ahagaritse nabi umuduga umwanya muremure ;
6) Atubahirije ibimenyetso vy’ibarabara canke ivyapa bishinze canke biri mw’ibarabara.
Ikiringo uruhusha rwo kugendensha umuduga rushobora kumara rufashwe ni ic’imisi mirongo itatu itarenga (30) mu gihe :
1) Nyenerwo yagendesheje umuduga aborewe bigatuma akora ayandi makosa ;
2) Nyenerwo yagize isanganya umuntu agapfa bitumwe n’akaborerwe ;

Ingingo ya 9
Ico gihe cose hafashwe uruhusha rwo kugendesha umuduga haragirwa icegeranyo cerekana ko rufashwe. Icegeranyo c’imvaho gihabwa nyene uruhusha rwo kugendesha umuduga kigataburwa ari uko asubijwe uruhusha.
Uruhusha rwo kugendesha umuduga rusubizwa ari uko harishwe amahadabu ajanye n’icaha cakozwe hakurikijwe ibwirizwa rigenga uruja n’uruza mw’ibarabara.

Igice ca 3. IVYEREKEYE UGUHAGARIKA IVY’AGATEGANYO URUHUSHA RWO KUGENDESHA UMUDUGA
Ingingo ya 10
Uruhusha rwo kiugendesha umuduga rushobora guhagarikwa ivy’agateganyo mu gihe uwugendesha umudugua :
1) Asubiriye gukora ivyaha bitegakanijwe mw’ibwirizwa rigenga uruja n’uruza mw’ibarabara vyamuvuyeko ;
2) Arenze umurongo udacagaguye ;
3) Acishije mw’ibarabara ivyunguruza bicamwo bija inzira imwe ;
4) Akoreshaje iterefone ariko aratwara umuduga ;
5) Arenganye uwundi bigashobora gutera impanuka ;
6) Adahagaze hatse amatara atukura y-uguhagarara canke ashitse ahari icapa c-uguhagarara ;
7) Apakiye nabi bigashobora gutera ingorane abandi baca mw-ibarabara ;
8) Atambaye umusipi wo gukimga impanuka canke abo yunguruje batawambaye ;
9) Yanse kwerekana uruhusha rwo kugendesha umuduga ;
10) Awugendesheje mu kiringo uruhusha rwo kugendesha umuduga rwafashwe ;
11) Asubiriye gukora ivyaha bitegekanijwe mu gice ca kabiri

Ingingo ya 11
Uruhusha rwo kugendesha umuduga ntirushobora guhagarikwa ivy’agateganyo mu kiringo kirenze imisi miromgo icenda (90) iharurwa kuva ku gihe uruhusha rwahagarikiweko.

Igice ca 4. IVYEREKEYE UKWAKA IVY’AGATEGANYO URUHUSHA RWO
KUGENDESHA UMUDUGA
Ingingo ya 12
Uruhusha rwo kugendesha umuduga rwakwa nyenerwo ivy’agateganyo mu gihe :
1) Akomerekeje cane umuntu kubera gusamara bigatuma uwakomeretse amugara, mu gihe bigaragara ko impanuka yavuye ku makosa arenze y’uwugendesha umuduga ;
2) Agendesheje umuduga yafashe ibiyayuramutwe ;
3) Akoze icaha c’ugutoroka ;
4) Abereye intambamyi uruja n’uruza mw’ibarabara :
5) Uwutwara ipikipiki ahetse abantu barenga umwe, kiritse iyo ari umugore ahetse umwana atarakwiza imyaka itatu ;
6) Yunguruje abantu barenze igitigiri arekuriwe ;
7) Yarengeje umuvuduko ;
8) Uwutwara ipikipiki n’uwo ahetse canke umwe muri bo batambaye inkofero yo kwikingra ;
9) Atwaye nabi umuduga bigashobora gutera isanganya ;
10) Uruhusha rwo kugendesha umuduga rwatakaje amanota yose
11) Atwaye umuduga mu kiringo uruhusha rwahagaritswze ivy’agateganyo
12) Asubiye gukora ivyaha bitegekanijwe mu gice ca gatatu.
Ingingo ya 13
Nyen’uruhusha rwo kugrndesha umuduga arafise uburenganzira bwo gusubira gukora ibibazo vyaba ivy’ukwandika canke ivy’ukwishura ibibazo ku munwa hamwe n’ivyo kugendesha umuduga kugira ashobore kuronka urundi ruhusha.
Igice ca 5. IVYEREKEYE UKWAKA URUHUSHA NYENERWO UBUTAKIRUSUBIZWA
Ingingo ya 14
Uruhusha rwo kugendesha umuduga rwakwa nyenerwo ubutakirusubizwa mu bihe bikurikira :
1) Yishe canke agerageje kwica umuntu n’impaka ;
2) Yishe umuntu kubera gusamara harimwo n’inyongerezakibi ;
3) Atagifise ubushobozi bukwiye bw’ukugendesha umuduga ;
4) Atwaye umuduga yaratswe uruhusha ivy’agateganyo ;
5) Asubiriye gukora ivyaha bitegekanijwe mu gice ca kane.
Ingingo yo kwaka uruhusha rwo kugendesha umuduga ubutakirusubizwa ishikiriwza Sentare zibifitiye ububsha n’umukuru w’igisata kijejwe gutanga impusha z’ukugendesha umuduga, urubanza rumaze kuba ntabanduka. Uwatswe ubwo burenganzira bwo kugengesha umuduga ntashobora gusubira kuronswa urundi ruhusha

Mu gihe urubanza rukibandanya muri Sentare, uruhusha rwatswe ubutakirusubizwa rufatwa ko rwahagaritswe ivy’agateganyo.

Source:Page facebook Police National du Burundi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 473