homepage

Preeze yavuze ku masanamu y’akaririmbo ikirara

Preeze arashira ahabona amasanamu y’akaririmbo Ikirara mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

Mu gihe hari haheze imisi hashizwe ahabona akaririmbo gashasha Cakira Big Fizzo yumvikanyemwo afashije umuririmvyi Preeze, akaririmbo Ikirara ngo gahava gashirirwa ahabona kuri uyu wa 4 amasanamu. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabivuze abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Twashatse guhabwa umuco ku mwanya nyawo ako karirimbo gahava gashirwa ahabona, noneho tubaza Preeze ku murongo wa Whatsapp ngo atubwire ryari twokitega Yatubwiye ko ako karirimbo abakunzi b’ibikorwa vyiwe bokitega mu masaha yumugoroba yo kuri uyu wa .

Amasanamu y’ako karirimbo akaba agiye gushirwa ahabona asanga akaririmbo Cakira kamaze gukundwa n’abatari bake. Ako karirimbo kakaba kanamaze gusohorerwa imipira ibandanya kugurishwa ukuri kwamye.

Mwokwibuka ko Preeze yari yabwiye Indundi Magazine mu misi iheze ko atiteze guhagarikira kuri Big Fizzo muma Collabo, ahubwo ngo afise izindi zitari nke ariko arategura gushira ahabona mu misi ya vuba. Izo akazozikorana n’abaririmvyi batandukanye bo muri kano karere

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669