Entertainmenthomepagekirundi

Producer ENDO MIKE ubu yoba abarizwa munzu ya Bantu Bwoy Record

Inyuma y’ivavanura rya Pro. Endo Mike n’inzu y’ubuhinyanyuzi ariyo Bantu Bwoy ubu ngo atakinyegezwa abarizwa muri iyo nzu

Mugihe bamwe bavuga ko bashobora kuba baravanye bivanye n’agashahara koba kadatangwa neza muri iyo nzu ya Bantu Bwoy bivuye kubo boba baratanguye gukorana nabo aho twohera kuri Pro. Kolly The Magic n’abandi bagiye barakurikira. Imbere ya Double Jay, Elly’s Boy n’abamenyeshamakuru ba INDUNDI; BIG Fizzo arahaguruka mw’ijwi riri hasi aha karibu Endo Mike akurikiza amajambo akurikira:

“Endo Mike yarantaye atanansezeye, ntiyanarindira ko ngaruka ambwire ikibazo cahabaye;

Endo Mike yabonye ko Succes zabaye nyinshi ariwe asigaye avugwa aha na hariya aca atwarwa uko bije acabona ko vyose ariwe” (Big Fizzo azunza umutwe).

Big Fizzo aho yaha karibu Endo Mike yagize ati: “Ehe mwana wa mama aha kw’isi birasaba ukwitonda no kugira akariro gake kugira ngo uhabane neza n’abasanzwe bahaba kuko ukwitonda bifasha buri kiremwa muntu, jewe Big Fizzo kugira nshike aha s’uko natwawe n’ibi canke birya canke ngo ngende uko abantu bafata iyaba nojanye n’izina mfise ntabantu cumi twoba tukivugana, kubw’ivyo rero mwana wa mama urigira gahoro ivy’isi ni vyinshi bikurindiriye nayo Bantu Bwoy yo ni MAISON MERE ushaka uzoze wisange kuko ni murugo iwanyu”.

Mwomenya ko inyuma y’aho habonetse kandi ikindi kintu kitari giherutse kuboneka aho Endo Mike yaramutse azanana mugiteramo na Big Fizzo; aho twokwibukanya ko ivyo vyabonetse mu giteramo citiriwe WANAJESHI’S BACK CONCERT.

Twobamenyesha kandi ko aho Endo Mike yagaruka ko yavuga ko aje kuramutsa brother nawe akaba yazananye na Elly’s Boy nawe ivyiwe bitaramenyekana neza bisa n’ibikigizwe ibanga mur’iyo nzu ya BANTU BWOY.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769