BurundiGospelhomepagekirundiUncategorized

Prophète DD Isaac ngo Uburundi bugiye kuba ikigega c’ibindi bihugu

 

Imana ngo kuva nakera yamye ivugana n’abavugishwa bayo nubu iracavuga, abavugishwa barahari kandi igihugu c’Uburundi gifise vyose, abarundi nibo bataramenya uko bakira ivy’Imana irekura kubwabo.

 

Abanje gukeza no guha intasho nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yemeye Ko bashira imbere Imana mu burongozi bwiwe, Umuvugishwa DD Isaac yaje ava mu gihugu ca Zambia azanywe no gukora igikorane co kuvuga ubutumwa kivanze n’ibitangaza vyo gukira indwara no kubohoka, yamenyesheje Ko imbere yuko aza, Imana yamweretse igihugu cacu nk’igiti cari kitagira ivyamwa maze musi yaco akaba ata bikoko bihabarizwa vyagiye kurondera utwatsi ahandi , Imana ikirungikiye imvura kibona gutotahara maze ibikoko biza biva imihingo yose biza kurisha.

Insiguro ngo mw’iryo yerekwa yabonye Ko ari abana b’Uburundi bagiye kuronderera i mahanga kubw’ibibazo vy’amikoro make, ariko Imana izana ikanguro n’akavura igihugu kigiye kuba nk’ikigega c’ibindi.

DD ISAAC akaba yamenyesheje abanditsi n’abamenyeshamakuru Ko abavugishwa batandukanye, nayo we mu ngabirono ziwe yiyizi ngo bobwira abantu bafise ibibazo vy’indwara zananiniranye izo twita izikomeye azobakorera ivy’Imana yamushizemwo batahe bidegevya.

Ngo umuvugishwa Isaac intahe zikwiye arazifise kuko amaze kugera naho yasubije ubuzima ikibondo cari cacikanye akiza indwara z’ama canseri, Sida n’ibindi birwara atabigera umutwe.
Isaac akaba yeteye Intege abakozi b’Imana bari baje Ku mwakira Ko gukoreshwa n’Imana ibitangaza n’utwumiza nkuko ari ngabirono bahawe batitayeho uruhamo n’urwanko rw’abayobeke ba Satani, aho yitanzeko akarorero KO yageze aho bamutera bashaka Ku mwaka ubuzima Imana iramutabara abari baje kumurasa bafora zidasoka babona gutahura KO ari umukozi w’Imana barayamanika.

Mwomenya ko ico gitaramo yagitumiwemwo n’umukozi w’Imana Prophète Joshua Joshua kikazobera mu kinamana muri Quartier Ngozi Ku magenekerezo ya 17,18,19 na 20 nayo ibibanza bitegekanijwe baravye abitezwe bikaba ari bike kuzinduka Kare ngo niyo amahirwe narirya kizohora gitangura igihe c’isaha y’icumi (16h).

Mbega ivy’abavugishwa, bagakoreshwa n’Imana hari ico mu biziko?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 790