homepagemusic

Prophète Modeste yatanze inkwano kuri Bénise Sweetbeats

Umuririmvyikazi rurangiranwa mu ndirimbo mpimbaza Mana Bénise Nikobiri azwi kw’izina rya Sweetbeats, kuva igenekerezo rya 10 Nyandagaro (08) 2024 ntakibarizwa mu bakobwa, kuko inkwano ziwe zatanzwe K’umugaragaro.

Umukozi w’Imana Ambassadeur Prophète Modeste asanzwe ari nawe arongoye ishengero Faith Miracles Revival Center akaba ariwe yakoye Bénise Nikobiri umuririmvyikazi, ndetse asanzwe anaririmbira mw’isengero Shemeza Worship rirongowe na Apôtre Appolinaire nawe nyene asanzwe anaririmba.

Sweetbeats muri kino gihe akaba ari mwihiganwa rihuriramwo ibihangange muri Africa, ndetse akaba anitezwe muri Nigeria kw’igenekerezo rya 05 Gitugutu 2024 mw’ihiganwa yitwa Clima Africa Awards aho azoba ariko aratera iteka igihugu camwibarutse atazira Imana imbere y’abantu batari cuire.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691