homepagekirundiMiss EricaWorld News

Qatar yatumye Neymar aba aribagiye gusubira muri Fc Barcelona gatoya

Neymar ngo agiye kwibagira kuva muri PSG mu misi mikeya kubera amasezerano yagiranywe n’imwe mu mashirahamwe yo muri Qatar.

Mu gihe hari hagize igihe havurwa ivy’ugushaka gusubira muri barcelona, canke kuja muri Real Madrid kwa Neymar, ikinyamakuru Express co mu gihugu c’Ubwongereza kivuga ko ivyo bisa n’ivyibagiranywe.

Ivyo ngo vyoba vyibagiwe kubera ko uwo mukinyi aheruka gushira umukono ku masezerano yiwe n’i bank nkuru yo mu gihugu ca Qatar. Ayo masezerano yemewe na Neyamar Jr hamwe na se ubwiwe akaba atamenyeshjwe igihe azomara.

Ayo masezerano akaba ashira uwo mukinyi mu kibanza c’umuserukizi -Ambassador- w’iyo bank kw’isi yose, aho akaba azoboneka mu bikorwa vy’ukukenyekanisha iyo Bank haba mu majambo co kimwe no mu bicapo -Banner-, aho bizoba bikenewe hose.

ico kinyamakuru kikavuga ko uwo musore w’umunya Bresil ahagaze neza ku mbuga ngurukanabumenyi kuko akurikiranwa n’abarenga imiliyoni 209 haba kuri Facebook, Instagram canke Twitter.

Mukibuka ko uwo musore yashitse muri PSG mu mwaka wa 2017 aho uwo murwi wamuguze umukuye muri FC Barcelona ku mafaranga angana n’imiliyoni 200 z’ama Pound.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755