Burundihomepagekirundipersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

Raba hano uko wobivamwo.

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

 

Uwu musi igenekerezo rya 10, ni umusi mwiza kuri wewe kugira ngo uhindure ibintu.  Uwu musi, Urashobojwe guhindura ivyo vyose vyari biguhanze. Hari ivyo tubamwo, natwe tukabona biriko biratujana mu mahonero yamara bikatunanira kwigovyoramwo. N’uwofatira ku nzoga canke agatabi  ntiyoba ashikuje!

Vyari vyarakugoye, wari waragerageje biranka, wararahiye incuro nyinshi uti sinzosubira kunwa ikirenga canke kwigenza kuno canke kuriya?  Woba wararushe ukihebura ugasanga bikurusha inguvu kuko naho urahira mu gatondo uheza ugasanga ku mugoroba uri muri vyo nyene?

Ibintu rero vyinshi vyagiye kutuyobera kubera twahavuye twigira abahinga tukibagira ko hari inguvu rusumba vyose twari ukwikorako. IMANA. Ya Mana ” MUTANANIRWA” irabishoboye.

Fata rero ingingo uwu musi, y’ukuva muri izo  nzira zose ubona zikujana mu mahonero, y’aba abagenzi babi , inyifato mbi canke n’ibindi. Mu kiringo umaze kuyifata, ca ugenda ufate ku mutwe psaume 01. Uheze uze urayisubiramwo igihe cinshi gishoboka, muga ukayisubiramwo urabisha ubwonko kuri iyo ngingo nshasha ufashe y’uguhindura ubivamwo.

Iyo psaume ugiye urayivuga, gushika aho subconscient yawe iyakira, izoruhira ku kugondoza ngo uve muri izo nzira.

Ushobora kudaca urara ubihevye uwu musi ariko niwabandanya uzoruhura gusanga wabivuyemwo, kandi maze uheze uronke umunezero n’umusesekara. Igihe cose agatima karebarevye ngo usubire muri vyose, uzoheze wicare usubiremwo iyo psaume uzoza wumva ivyariko biragutuma kuja mu mahonero birekuye maze ugaheza ugatekana.

INGWANO ZOZE ZIBERA MU MPWEMU. UBWO BWONKO BWAWE BWONYENE NTACO BWISHOBOJE IMBERE YA BA GORIYATI.

“Mieux vaut penser le changement que changer le pansement!”

Francis Blanche

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765