Entertainmententertainment PromotedIsanganiro Awardskirundi

#Rally Joe, Yoya, Mkombozi,N John, Spoks,Vestime,Bernice,Eden Banga umuhuza wabo ni nde?

Mu bikorwa bidasanzwe vyaranguwe mu gutezimbere Umuziki ndundi Isanganiro Award iza mu vyambere.

Radio isanganiro irakangurira abarwizatunga gushikira umurimvyi atahukanye Isangaro award kuko nawe azogira inyungu idasanzwe mu kumenyekanisha ibikorwa vyiwe kuri iyo radio ikunzwe mu gihugu ndetse no muri diaspora.

Isanganiro ikaba yazanye iryo higanwa mu ntunbero yo guteza imbere igisata c ’umuziki mu kwunganira ibiganiro yari yahariye ico gikorwa kugira bashire ahabona umuririmvyi abarwizatunga bamubone bamushiremwo uburyo.

Ivyo bikaba vyagiye biboneka ko ari ukuri aho abarimvyi nka Rally Joe yaciye agomwa muri Kenya n’umuhinga Kidumu mbere agaruka mu gihugu azanywe niyo radio gutanga igitsibo kuri yoya nawe yahavuye aterimbere cane gushika aho yashoboye no gusohoka igihugu mu mwaka wa 2012 ajanye na Peace and Love n’abandi mu gihugu c’Ububirigi.

Uruganda rwa indundi Magazine tuganira n’umwe mu batanguje iryo higanwa yaratumenyesheje ko ico gikorwa cagize akuguko cane ku muririmvyi w’umurundi.
Nayo ngo, nubwo kuva mu mwaka wa 2015 vyabonetse ko abarwizatunga batashiramwo uburyo, muri Isanganiro babona ko ico gikorwa kigiye gusubirana inguvu ndetse n’akamaro ka nini ku baririmvyi n’abarwizatunga.

Isanganiro ikaba ifise umugambi wo kuzokora igiteramo c’agakura kizohuza abaririmvyi bose batahukanye iryo higanwa ndetse n’abari mu mahanga bakazokora ibishoboka bazohishikire .
Mwomenya ko Isanganiro aword yatanguye mu mwaka w’2011 bitoroshe iza gutera imbere cane mu myaka yakurikiye, ikaba ifasha umurimvyi kumenyekanisha ibikorwa vyiwe, no kumuhuza n’abarwizatunga.

Mu keneye ku menya vyishi ku baririnvyi batahukante Isanganiri mwokurikirana ikiganiro Uburundi burarimba co kuri radio Isanganiro kizoba kw’igenekerezo rya 01,02, 2021 igihe c isaha zibiri n’igice (08h30).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 551