homepageDonard Trumpkirundipoliticssecuritysociete

Imvo zatumye Antonio Guterres agendera Repubirika iharanira demokarasi ya Kongo

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres ari mu rugendo rudasanzwe mu gihugu kibanyi ca Repubirika iharanira demokarasi ya Kongo kuva ku musi wa gatandatu, igenekerezo rya 31 Myandagaro 2019.

Bwana Antonio Guterres akaba yashikiye mu gisagara ca Goma ku musi wa gatandatu, hama kuw’Imana naho agendera i Beni ku munsi wa mungu atera abandaniriza ku murwa mukuru Kinshasa ari naho azorangiriza urwo rugendo.

Nk’uko biri ku rutonde rw’urwo rugendo, bitegekanijwe ko Antonio Guterres aza kubonana n’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi kuri uyu wa mbere itarike 02 Nyakanga 2019. Arabonana kandi n’umushikiranganji wa mbere, umukuru w’inama nshingamateka, abaserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa kongo hamwe rero nabo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Ivyo baja kuvuganako harimwo kazoza k’ingabo zagiye gufasha kugarukana amahoro aho muri republika iharanira demokarasi ya Kongo, Monusco, kugwanya imirwi ifise ibirwanisho iri mu mashamba ya kongo ngo kandi ntibibagira kuvugana ibijanye n’ikiza ca Ebola.

Mu gihe yari muri Beni kuri uyu wa Mungu waraye uheze, Antonio Guterres yamenyesheje ko hakwiye kwongerezwa inguvu mu kugwanya imirwi yitwaje ibirwanisho. Uwo mutegetsi akabona ko inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ya ONU yarikwiye kwongera ikiringo Monusco ariko hari ibibanje guhindurwa, ni mu gihe ikiringo cayo aho muri kongo kizorangira mu mpera z’ukwezi kwa kigarama.

Twobibutsa y’uko ku ntwaro ya Perezida Joseph Kabila Kabange imigenderanire ya Kinshasa na New York itari yifashe neza aho Reta ya Kongo y’ico gihe yasaba ingabo za ONU ko zovanwa ku butaka bwa Kongo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756