Entertainmenthomepagekirundi

Redemption Voice berekanye ko atari akariro k’impera z’umwaka

Mu mpera z’umwaka 2022 Umurwi Redemption voice uririmba indirimbo Zininahaza Imana warakoze igiteramo c’amateka catangaje benshi kuko abantu baracitabiriye ku bwinshi batitayeho n’imvura yariko irarwa.

 

 

Ivyobitangaza Imana ya bakoreye vyarabanse mu nda yuko bogenda badashimiye bamwe nabariya bagize icobakoze kugira bikunde igiteramo cabo kigende neza.

Igenekerezo rya 17 nzero 2023 niho baramutse basangira n’umuryango wabantu babafashije nk’ abamenyeshamakuru, Blue harmony irongowe na Apôtre Jean Paul, Oscal fashion nabandi benshi…. baratanga nama certificat

Kabaye n’akaryo Keza ko kurekura Ku mugaragaro indirimbo yabo nshasha “Ntibesha” iri murukurikirane rwa Album” Yangiriye neza”
Ubu ikaba iri Kuri youtube.

Nayo mw’ijambo ry’uwo musi bakaba bamenyesheje KO bagiye gukora indirimbo nyishi ,ndetse n’ibiteramo harimwo n’ivy’inyuma y’i gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769