Entertainmenthomepagekirundi

Redemption Voice Sweden nayo ngo iri mu nzira

Redemption Voice Sweden nayo ngo iri mu nzira

Uwundi mugwi mushasha wa redemption Voice ugiye kwerekanwa mu misi ya Vuba, ubu ukazoba ari uw’i Buraya, inyuma y’uwo muri Canada waheruka kuvuka.

Uko imisi igenda, niko imigwi mishasha ya Redemption Voice yo mu bindi bihugu ibandanya ivuka, hampande ya Redemption Voice twari dusanzwe tumenyereye hano iwacu.
Mu kiyago umugwi Redemption Voice wo muri Canada uheruka kugirana na Siren Vibe, havuzwemwo ko hari uwundi mugwi nawo ugiye kuvuka, uwo nawo ukaba ari uwo muri Sweden.
Ivyo bikaba vyashikirijwe na Eric, abarizwa muri ico gihugu, ariko Kandi akaba ari n’umwe mu bashinze uwo mugwi hano iwacu.
Uwo mugabo yavuze ko ukuvuka kw’iyo migwi, ngo vyari ibintu bari bafise mu migambi, ariko ngo ntibagenda bavuga ibihugu iyo migwi izogenda ivukiramwo, gusa ngo bayita Redemption Voice 1, redemption Voice 2 n’ibindi.
Ntiyashikirije uburyo iyo nkuru yari yateguwe gushirwa ahabona, ariko ikizwi co nuko uwo mugwi wo muri Canada, wamenyekanye hasohotse Indirimbo ya mbere yabo, ubwo n’uwo wo muri Sweden bikaba bishoboka ko nawo uzomenyekana hasohotse Indirimbo yabo.
Muri ico kiyago nyene, Eric yashikirije ko iyo migwi yose y’aba uwa hano iwacu, uwo muri Canada hamwe n’uwo muri Sweden, ngo bafise igiteramo kizotegurirwa ababakunda kizoba mu mwaka uza muci, I Bujumbura.
Ariko hakirindiriwe ico giteramo c’i Bujumbura, Eric yavuze ko abagize uwo mugwi redemption Voice wo muri Canada, bashobora gukora ibiteramo mu bindi bihugu. Aba mukibuka ko bishoboka kuba vyoroshe kuronka ama Visa, bitandukanye n’abandi bagenda bavuye I Bujumbura.
Aha mukamenya ko ivy’uwo mugwi wo muri Canada bitandukanye n’ivy’uw’ino, kuko mu gihe hano iwacu abagabo ari benshi mu bagize uwo mugwi, muri Canada ho suko, kuko abagore aribo benshi gusumba abagabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769