HealthhomepagekirundiWorld News

Rihanna yatanze ingabire ingana n’imiliyaridi zirenga 4 kugira hafashwe abahohoterwa mu ngo

LONDON, ENGLAND – JULY 24: Rihanna attends the “Valerian And The City Of A Thousand Planets” European Premiere at Cineworld Leicester Square on July 24, 2017 in London, England. (Photo by Tim P. Whitby/Getty Images)

Ikinyamakuru Vogue co mu bwongereza canditse ko umuririmvyikazi Rihanna yatanze ingabire y’amafaranga angana n’imiliyoni 1,67 y’ama Dollars ya Amerika ku bahura n’ibibazo vyo mu ngo, Victimes de Violence Domestique, muri kino gihe abantu bari mu mazu yabo, Confinement.

Ayo mafaranga arenga 4,659,300,000 Fbu, akaba yahawe ishirahamwe Mayor’s Fund rifasha abagize ivyo bibazo i Los Angeles. Uwo muririmvyi akaba atari wenyene kuko uwutwara urubuga Twitter nawe yatanze ayangana n’ imiliyoni 4.2 z’ama Dollars ya Amerika, ayo mafaranga yose hamwe akaba azofasha mu kiringo c’indwi 10 gusa mu guha impanuro, kugaburira no mu kuryamika abo bagize ivyo bibazo.

Rihanna akaba abikoze mu gihe nawe ari mu bigeze guhura n’ico kibazo aho yarakiri mu rukundo n’umuririmvyi Chris Brown, hari mu mwaka wa 2009. Akaba kandi abikoze inyuma y’aho atangiye imiliyoni 5 z’ama Dollars ya Amerika mu gikorwa co kugwanya COVID 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755