homepagekirundi_Sports

Ubutumwa bwa Valery Nahayo inyuma yo gutanga imihoho

Kizigenza wa kera w’Intamba mu rugamba Valery Nahayo yarungitse ubutumwa bukomeye inyuma y’imisi mike atanze imihoho muri Staff y’Intamba mu rugamba .

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2023 , niho kizigeza wa kera w’Intamba mu rugamba Valery Nahayo yandika ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Facebook amajambo yo gushimira Indongozi za FFB , Inama nshingwabikorwa ya FFB , abakunzi b’inkino hamwe n’abakinyi .

Valery Nahayo akaba yanditse ati’’ Rwari urugendo rugufi ariko rwiza . Vyari vyiza ntanze imihoho dukatishije itike yo kwitabira inkino za CAN inyuma y’inguvu abakinyi bakoresheje’’.

‘’ Ndishimiye cane umugwi wacu . ndazi neza ko bazogaruka bafise izindi nguvu zidasanzwe . Ndashimiye cane FFB , n’inama nshingwabikorwa yayo hamwe n’abakinyi tutibagiye n’abakunzi b’inkino bose bari inyuma y’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

‘’Ndabipfurije amahirwe meza abakinyi bose no kubandanya bitwara neza mu mugwi yabo hamwe no mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba .

‘’Nzobandanya kubashigikira nkuko vyamye ‘’

Valery Nahayo yari asanzwe ari muri Staff y’Intamba mu rugamba , akaba yari ajejwe gusesangura amasanamu y’abakinyi ( Assistance Vidéo).

Mwomenya ko yatanze imihoho ari kumwe n’icegera c’umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Patrick Sangwa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810