Burundihomepagekirundi

Batakambira abarongozi basaba ko bobaronsa ihinguriro ry’ivyamwa

Imvura y’imigisha Ku vyamwa vya mandalena niyo yibonekeza mu ntara ya Rumonge ndetse no muri komine Rumonge,bikagaragazwa n’umwibu mwinshi wazo, uherekezwa n’imyidogo Ku barimyi.

Indobo y’ama litiro 10 yuzuye mandaline ikaba igeze Ku mafaranga ibihumbi bibiri y’amarundi 2000Fbu ndetse no musi yaho gato uwusuma arasuma.
Mu gihe hari na bimwe mu vyamwa biborera ku biti ku mvo zokubura aho bashora ivyo vyamwa, Buramatari w’intara ya Rumonge Juvenal Bigirimana we arahumuriza abanyagihugu ko ivyirwa vyayo mahingiriro bigeze kure.
Ivyo bikunyurwa n’amabarabara aja mur’iyo Ntara yononekaye kuburyo imiduga yahora ija gutora ivyo vyamwa babona ko ari nko gukora bahomba.
Abahinga b’ikirere kumwe n’aberekwa muvy’umwuka bakamenyesha ko kuva mu kwagatanu (Ruheshi) 2020 mu gihugu c’uBurundi umwimbu uzoba mwiza cane, bagatera akamo abanyagihugu kumwe n’ abatware ko bokwiga cane uko bobika umwimbu mu kwirinda kuwusesagura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764