BurundiEconomyhomepagekirundi

Rumonge : Icatumye umwimbu utaba mwiza muri Tanganyika

Ibiti bikoreshwa mu kuroba vyarononekaye, ubwato bumwe bumwe buramenagurika biturutse ku muyaga mwishi wibonekeje mu kiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu rishira uw’Imana.

Amakuru atangwa n’abarovyi avugako uwo muyaga watanguye nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Bavugako wari ukaze.

“Kubera tutaba twarovye, nta ndagara duheza ngo tuvaneyo. Twofashe akaruhuko muri iri joro, ariko kubera ubwato bwononekaye, twaciye twugara kuri uyu w’Imana”

Imiyaga nk’iyo ikaba ihora ihitana n’ubuzima bw’abarovyi. Mu ntumbero yo gukinga, uwurongoye igisirikare co mu mazi akaba aheruka gusaba ko umwe wese mu barovyi yogira agakoti ko kwikingira.

Source : La nova

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766