homepagesociete

Rutana: Umukuru w’igipolisi i Giharo yaragandaguwe atemaguwe

Uwurongoye igipolisi muri komine Giharo yaragandaguwe atemaguwe ku mugoroba wo kw’igenerekerezo rya 2 Nzero umwaka wa 2024 atemagujwe imipanga ku mutumba Nkanka aho yagorobeje mu mirima yiwe .Abantu 9 bari bamaze gufatwa kubw’amatohoza kw’igenrekerezo ry à 3 Nzero umwaka wa 2024. Muri ico gice ariko hari hamaze imisi hakorwa n’ubundi bwicanyi.

Ubwo bwicanyi bwabaye mu masaha y’umugoroba wo ku musi wa Kabiri igenerekerezo rya 2 nzero umwaka wa 2024,hari k’umutumba Nkaka muri komine Giharo, intara ya Rutana.

Abamuherutse ubwa nyuma bavuga ko iyo ntwazangabo mu gipolisi y’ipete rya majoro Japhet Mukeshimana yahora arongoye gipolisi muri iyo komine yari yagiye m’umurima yari afitiye kuri uwo mutumba aho yaguriye itongo. Haheze umwanya batamubona baca aho yaciye baca basanga yishwe atemagujwe imipanga.

Amakuru atangwa n’igipolisi avuga ko yishwe n’abanyagihugu b’aho yaguriye iryo tongo yari agiye kuraba.
Isoko rya radio Indundi Culture ryatubwiye ko abamwishe boba bari mubo bari bafise ivyo basangiye muri iryo tongo nyene.

Kubijanye n’amatohoza kuri urwo rupfu,abantu bagera kuri 9 harimwo abapfasoni 2 bari bamaze guhagarikwa gushika k’umuhingamo wo ku musi wa gatatu igenerekerezo rya 3 Nzero .

Muri abo harimwo uwo iyo ntazwangabo yari yaguriye itongo n’abandi bari kumwe .Bamwe bakaba bari bajanywe gusambishirizwa k’umurwa mukuru w’intara ya Rutana.

Ahabereye ubwo bwicanyi rero hazindutse hahurira abasilikare n’abapolisi bakorera muri ako karere hamwe n’abajejwe intwaro kuraba ivyabaye.

Abahaba basaba ko hokorwa amatohoza yimbitse kugira hamenyekane abakoze ubwo bwicanyi bahanwe kuko nk’uko babandanya babimenyesha, muri misi iyo komine igwiriyemwo ivyaha nk’ivyo.

Uwo agize nka gatandatu mubantu bamaze kwicwa muriyo komine mu kiringo c’amezi atatu aheze. Nayo muri iyi misi irangiza umwaka abishwe n’abantu batamenyekanye baharurwa muri batatu.

Inkuru yanditswe na Nolis Nduwimana 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672