Entertainmenthomepagekirundi

Umuririmvyi Tomson aranegura umutima wo kwikunda uranga bamwe mu baririmvyi

Umuririmvyi Tomson The Voice ari umutumire mu kiganiro Indundi hit show co ku wa kane igenerekerezo rya 4 Nzero 2024 igihe c’isaha umunani (14h00) kuri Radio Indundi Culture kugira avuge kubijanye n’amasanamu y’indirimbo yiwe Gumya arikumwe n’umu raperi Fabelove; uyo muririmvyi yongeye aratanga umuco no kubindi bibazo vyerekeye umuziki w’abarundi aho yaneguye ko bamwe mu baririmvyi bataratahura akamaro ko gushigikirana .

Muri ico kiganiro yari umutumire , umuririmvyi Tomson The Voice yagize ati: “Ubu Umuririmvyi uramwandikira ugira umuhe akazi canke umurangire akazi,haraho umwandikira ugira umuramutse akanka kukwishura canke kukwitaba ariko wa mu sereveri yamuha numero mukabare yamurondera akitaba”

Uyo muririmvyi arongera kandi akagira ati :”Abarundi ndetse n’abamwe twita promoters bitaho abanyamahanga gusumba abarundi bacu…”

Atanga akarorero k’umuririmvyi Kingorongoro aho asanzwe ari mu gihugu ca Africa y’epfo yakoze ibiteramo ariko ntakintu bigeze bibivugako.

Ivyo Tomson akaba yabivuze kikibazo yabajijwe c’abidogera abaririmvyi b’abanyarwandakazi Vestine na Dorcas baheruka gukora igiteramo c’amateka mu gisagara ca Bujumbura igiteramo cabonetse cane kumbuga z’ibinyamakuru bitandukanye.

Uyo muririmvyi yagize kandi ico ashikirije kubaririmvyi bibana indirimbo no kuba DJs baca indirimbo iyo bari mu muzu yubutambiro akavugako kenshi ivyo vyerekana ko baba batahawe agaciro kabo.

Umuririmvyi Tomson the Voice Killer arafise izindi ndirimbo yasohoye zitandukanye yagiye arakorana n’abandi baririmvyi nka Double jay ,B-Face on the flow n’abandi.

Inkuru yanditswe na Blaise Tuyisabe

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753