Agriculturehomepage

Ruyigi: Uruhombo ni runini ku barimyi b’umuceri

Imvura nyishi yaguye muri gihe c’agatasi yatumye imyaba irimwamwo umuceri yuzura amazi. Ni uruhombo runini ku barimyi b’ico giterwa mu turere dutandukanye tw’iyo ntara

Nk’uko bishikirizwa n’abarimyi bakorera mu myaba minini minini mu turere tw’intara ya Ruyigi, imvura nyinshi yaguye muri alias gatasi yatumye iyo myaba yuzura. Ibi vyatumye kandi amazi adengera, anahitana amatuta y’umuceri yari étonne gutegurwa. Bamwe mu bakorera mu myaba ya Rugoma muri komine Kinyinya, Rumpungwe muma komine ya Gisuru na Kinyinya, bakavuga ko ari uruhombo runini bafatiye ku mwimbu wahora uva muri iyo myaba.

Abarimyi basigura ko batagira ayo bacira n’ayo bamira, mu gihe n’umwimbu w’ibindi biterwa vyo muri iyo myaba nyene nk’ibigori nawo udashemeye bitumwe nayo mazi yabaye menshi.

Antoine Njiyobiri, umufundi w’indimo wa komine Kinyinya, akaba ahumuriza abarimyi ko batodebukirwa kuko imvura ishobora kugabanuka muri uku kwa mbere. Abajejwe uburimyi muri utwo turere bashikiriza ko muri uyu mwanya, hariko harategurwa uko imyonga yose minini minini yogazurwa kugira amazi agabanuke, bishobore gukunda ko bagemeka izindi ngemwe z’ico giterwa c’umuceri.

Inkuru Yanditswe na Egide Nahayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672