footballhomepagekirundi_Sports

Bamaze gufata urugendo rubashikana mu Gihugu ca Tanzaniya

Umugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20 uhejeje gufata urugendo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 10 Nzero umwaka wa 2024 rubashikana mu gisagara c’i Dar-Es-Saalam mu gihugu ca Tanzania.

Abakinyi umuneyereza Alain Olivier Niyungeko arikumwe na Belyse Ininahazwe hamwe na Ndoreraho Belinda bazokwifashisha muri urwo rukino ni:

1.Inarukundo Amissa
2.Umurerwa Ariella
3.Manirakiza Solange
4.Keza Angélique
5.Akimana Evelyne
6.Habonimana Esperence
7.Majura Josephine
8.Nahimana Zena Shaban
9.Marimba Yasynta Edgard
10.Nsabiyunva Channy
11.Niyomwungere Peace Olga
12.Tunda Joyce
13.Nshimirimana Annociate
14.Vyizigiro Christa Bella
15.Akimana Chanceline
16.Nzoyikorera Lahaie loy
17.Akimana Joelle
18.Ineza Bora
19.Bizimana Rukiya
20.Nininahazwe Ciella

Uwo murwi Nserukira Gihugu ukaba ufise urukino ku munsi w’Imana igenekerezo rya 14 Nzero uno mwaka ukazokina n’igihugu ca Nigeria mu rukino rwa mbere zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Colombia uwu mwaka wa 2024.

Mwomenyako urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe ku magenekerezo rya 20 Nzero umwaka wa 2024 muri Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 821