homepagemusic

Mr Giba ahisemwo kuririmbira Mama wiwe k’umusi w’abakundana

Umuririmvyi w’umurundi Mr Giba agiye gusohora indirimbo y’urukundo k’umusi mukuru w’abakundana Saint Valentin,yahisemwo kuririmbira Mama wiwe mu gihe yahora aririmba indirimbo z’urukundo.

Mr Giba n’umuririmvyi w’umurundi amaze hafi imyaka 4 arangurira ibikorwa vyiwe mu gihugu ca Kenya mumateka yandikishije n’ukuririmba indirimbo zivuga cane k’urukundo vyatumye bamutazira( Dr Love)ariko Ubu agiye kuririmba urukundo rw’Umuvyeyi

indirimbo yaheruka gusohora yayise” My beautiful Lady” haraciye amezi 2 gusa iri kurubuga rwa YouTube vyamwanse koyoreka guha abakunzi biwe indirimbo igaragaza urukundo k’umusi witirirwa uwa bakunda igenekerezo rya 14 Ruhuhuma uko umwaka utashe urahimbazwa kw’isi yose bibuka umweranda Valentin(St Valentin)kuruwo musi canke imbere yaho indirimbo yiwe izoba yasohotse

urukundo twari tumenyereye aririmba kwari uguhayagiza abakobwa k’ubwiza bwabo ariko kuriyincuro azoririmba urukundo rw’umuvyeyi nkuko yamaze kubishira ahabona yayise “I love you Maman”
tubandanye turindiriye isango yaduhaye tuzomenya ibiri muriyo ndirimbo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 676