homepagesociete

Ruziba:Abafovye ababo mw’itongo ry’abapfu basaba gushigikirwa kugira bimure ibisigarira vy’abo

Bamwe mubasanzwe barafovye ababo mw’itongo ry’abapfuye rya Ruziba mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura muri Komine Muha bavuga ko ubukene buri mu miryango buzotuma badashobora gushira mu ngiro ingingo iheruka gutangazwa n’uburongozi bw’iyo komine ihagarika guhamba abantu muri ico kibanza hamwe no kwimura imva zose ziri mu metro 9 uvuye kw’ibarabara rikuru ry’igihugu rigira gâtatu rigiye gusanurwa .

Abo banyagihugu begereye akaburi ka Ruziba bemeza ko muri rusangi ingongo uburongozi bwa komine Muha bwafashe, izotuma ibarabara rikuru rikorwa ataco zari zitwaye, ariko bagashikiriza ko ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo rishobora guhungabanya imiryango yabo.

Hari n’ababona ko ishirwa mu ngiro ishobora gukomeretsa imwe mu miryango yahamvye abayo muri ico kibanza.

Hari n’abandi basaba ko kubera amikoro mâke bobareka bibaye ngobwa bakababimurira kuko kubura umuntu n’ikimwe ariko ikibazo c’ubyo naco ari ikindi .

Abo banyagihugu bemeza ko itongo ry’abapfuye rya Ruziba risanzwe rifobwamwo ababuze ababo bava mu miryango y’amikoro mâke .Ubu bavuga ko kwimura ababo atavyo boshobora .

Mw’itangazo ryateweko umukono na Musitanteri wa Muha m’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura yari yari yahamagariye abanyagihugu bose basanzwe bafuba ababo muri iryo tongo ry’abapfuye ko bihagaritswe,yongera anavuga ko mu ntumbero yo kworohereza ibikorwa vyo gusanura ibarabara rikuru ry’igihugu nomero zitatu ko abantu bose bahambwe mu metro 9 uvuye kw’ibarabara ko bategerezwa kubimura mu kirongo kitarenze amezi atatu bakaja gushingurwa ahandi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 687