homepagekirundikirundi_Sports

Dynamo muyandi mateka atari bwakorwe n’uwundi mugwi wo mu Burundi

Ivyananiye Urunani na New Star vyaraye bikozwe n’umugwi Dynamo FC.

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 26 Munyonyo 2023 I Johanesbourg mu gihugu ca Africa yepfo , aho umugwi Dynamo BBC wari waserukiye igihugu mu nkino za Elite 16 wakina urukino rwo kurondera itike yo guhiganigwa ikibanza ca 3 muri izo nkino . Urwo rukino rwarangiye Dynamo itsinze umugwi wa COSPN wo muri Madagascar bigoranye cane ku manota 79 kuri 78.

Umukinyi Dumon Deng niwe yafashije umugwi Dynamo gutsinda urwo rukino , kuko ariwe yagiye kwinjiza amanota 2 yanyuma ( Lancer franc).

Dynamo imbere y’uko ikina na COSPN yo muri Madagascar igenekerezo rya 25 Munyonyo 2023 yari yatsinzwe na City Oilers yo mu Buganda .

Ukaba ari umugwi wa mbere mu mateka y’umupira w’amaboko Basketball ugiye kwitabira inkino za BAL 2024, Urunani Na New Star baragerageje gushika kuri iyo ntambwe ariko ntibaronka ayo mahigwe .

Mwomenya ko Dynamo bazoshika mu gisagara ca Bujumbura Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 29 Munyonyo 2023 igihe c’isaha icenda ( 15h00).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 856