East Africa NewshomepagekirundiUncategorized

Rwanda | Bagiye gutangura gutera no kugurisha urumogi ata nkomanzi

Urumogi naho abatari bake barimwo n’ama Leta menshi kw’isi barubona nk’ikiyayura mutwe, ico giterwa nyene hari ibindi bihugu vyahisemwo kukibonamwo urukiza, ruza kubombora imifuko ariko kandi rugakiza abantu canke rukagabanya ububabare aha canke hariya.

Ico giterwa hano muri kano karere Uburundi buherereyemwo nticari bwemererwe ku mugaragaro na Leta nimwe ko bagitera, bakacimbura, kikinjiriza amafaranga abagiteye n’igihugu muri rusangi.

Ariko kuri uyu wa 12/10 i Kigali mu nama y’abashikiranganji yarongowe na H.E Paul Kagame, hemejwe ko Urumogi rugiye gutangura guterwa ku mugaragaro, rukimburwa noneho rugashorwa hanze y’igihugu kugira rukoreshwe mu guhingurwamwo imiti itandukanye.

Mu gihe abantu bari mu mwiza w’umuzitanya uko bizogenda ngo ico giterwa giterwe kinimburwe mu Rwanda, umushikiranganji w’amagara y’abantu yahavuye agira ico ashikirije kuri iyo ngingo.

Uwo mushikiranganji yavuze ko iterwa ry’ico giterwa gisanzwe cifashishwa mu guhingurwa imiti itandukanye irimwo iy’ububabare n’iyindi, ngo kigiye guterwa ariko kandi ngo ntibisigura ko kizotera uwariwe wese, kuko abazobishaka kurutera bazosaba impusha.

Mukibuka ko mu misi yahera ku runo rubuga nyene twari twabashikirije inkuru ivuga ko ico giterwa kiriko kirigarurira ibihugu bitari bike birimwo ubufaransa, amerika,ubushinwa na Canada. Ivyo bikaba arivyo biza kw’isonga ry’ivyimbura cane ico giterwa,mu ntumbero z’ukubikoresha mu mice itandukanye y’ubuzima bw’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 782