EntertainmenthomepageUncategorized

Ryoba ari iryahe zina Mkombozi agiye kwita umwana yasubiye kwunguka inyuma y’imyaka itari mike

Mugihe Mkombozi akiri mu rugendo mu gihugu ca Tanzania inkuru y’umunezero yamusanzeyo.

Nkuko yavutse mu kwezi kwa Mukakaro igenekerezo rya 24 ni nakwo kwezi nyene yaronkeyeko ikibondo kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2023 akaba ari umwana agira 2 , ikibazo umuntu wese yibaza ni :”Mbe agiye kumwita gute?

Uwambere yari yamwise Anti virus, yamuvyaranye n’umuntu atarashima kwerekana, yamuvyaye kuva akiri mw’ikambi y’i Mutabira muri Tanzania haraciye hafi imyaka 13 .
uyu nawe agira 2 ngo ashobora kumwita Anti Bombe ivyo akaba yavyanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ariko anashimira umukunzi wiwe basanzwe banabana kuba yamuhaye ikibondo “Nana”Ubu akaba agize abigeme ba 2.

Mukiyago Mkombozi yagiranye na Indundi Magazine kukibazo cerekeranye n’izina ry’umwana yavuze ko vuba azorishira ahabona yamara n’ubwo ibikorwa ari vyinshi akirimwo mu gihugu ca Tanzania, azobanza asimbire mu Burundi kw’ibarutsa umuvyeyi ndetse nokuraba umwana nayo kuvyerekeye ibikorwa ariko arakora ngo azobimenyesha munyuma nivyamara kurangira.

Indundi Magazine ikaba ikeje umuryango wa Mkombozi yongera iranamuha ikaze mu gihugu c’amavukiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 733