Athletismehomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Francine Niyonsaba yakeje mugenziwe Caster Semenya

 

Umunonotsi w’Umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye akeje mugenzi w’umu nya Africa y’epfo Caster Semenya.

Impamvu yamukeje ari uko uwo munya Africa y’epfokazi ku rubanza aherutse gutsinda inyuma yo kwitwarira ishirahamwe ryo kwinonora imitsi kw’isi yose .

Francine Niyonsaba abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Facebook , yakeje uwo mugenzi wiwe asubira kandi amenyesha ko agateka kazina muntu muvyo kwinonora imitsi gakwiye kwubahirizwa .

Mu gusozera Francine Niyonsaba yavuze ko mu nkino ivyo gukumirana ata kibanza vyategerezwa guhabwa .

Caster Semenya akaba aherutse gutsinda urubanza yari yunguruje yitwarira ishirahamwe ryo kwinonora imitsi kw’isi .

Mwomenya ko Caster Semenya yari amaze imyaka atiruka mu mahiganwa yariyo yose ajane no kwononora imitsi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 808