abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Braking News : Nshimirimana Ismail agiye gukinira umugwi wa APR FC

Nshimirimana Ismail batazita Pitchou ni umukinyi mushasha w’umugwi wa APR Fc .

Amakuru yashikiriye  Indundi Sports kandi yemezwa n’abari mu mugwi wa APR Fc avuga y’uko umugwi w’igisirikare c’Urwanda wamaze kugura umukinyi w’Intamba mu rugamba Nshimirimana Ismail Pitchou .

Uwo mukinyi akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa APR Fc mu kiringo c’Imyaka 2.

Ismail akaba yahora mu mugwi wa Kiyovu Sports mu mwaka uheze , akaba ari no mu bakinyi beza uwo mugwi wari ufise.

Mwomenyako uwo mukinyi yaronderwa cane n’umugwi wa Rayon Sports , ariko bikaba birangiye APR Fc imutahukanye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 836