Nshimirimana Ismail batazita Pitchou ni umukinyi mushasha w’umugwi wa APR Fc .
Amakuru yashikiriye Indundi Sports kandi yemezwa n’abari mu mugwi wa APR Fc avuga y’uko umugwi w’igisirikare c’Urwanda wamaze kugura umukinyi w’Intamba mu rugamba Nshimirimana Ismail Pitchou .
Uwo mukinyi akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa APR Fc mu kiringo c’Imyaka 2.
Ismail akaba yahora mu mugwi wa Kiyovu Sports mu mwaka uheze , akaba ari no mu bakinyi beza uwo mugwi wari ufise.
Mwomenyako uwo mukinyi yaronderwa cane n’umugwi wa Rayon Sports , ariko bikaba birangiye APR Fc imutahukanye .